Yemwe Banyavyaha Mwe
1. Yemwe banyavyaha mwe,
Mwumv’ ijambo ry’ ubuntu:
Naho mwahavye rwose,
Krist’ ac’ abakir’ Ubu.
Ref
Muririmbe munezerewe
Krist’ arakund’ abanyavyaha,
Vug’ ubutumwa bose bumve,
Kukw abab’ abakir a.
2. Ni muz’ abaruhure,
Mwizer’ uwo Mukiza,
Naho mwanduye rwose,
Kukw abab’ abakira.
3. Ub’ umutima wanje
Ntukincir’ urubanza,
Uwanyejeje rwose
Yampfiriye ngo nkire.
4. Krist’ arakir’ ababi
Naho boba ruhebga,
None nogejw’ ivyaha,
Nzi ko nzoja mw’ijuru.
Yes’ azoganz’ ibihugu vyose
1. Yes’ azoganz’ ibihugu vyose
Iyo biva bikagera,
lyi si yos’ izocik’ ubgami bgiwe,
Ni we Mwam’ aganz’ abami.
2. Bazomusenga badahumeka,
Bazomutazira cane,
Izina ryiwe rizoba nk’ imibavu
Itamiran’ isi yose.
3. Ni twihute tujan’ ubutumwa
Mu moko yose yo mw isi,
Ngw indimi zose zize zivug’ ishinwe
Ry’ Umukiza wacu Yesu.
4. Mu bgami bgiwe har’ imigisha:
Imbohe zirabohorwa,
Kand’ abarushe ni Yes’ abaruhura
Amar’ abor’ ubukene.
5. Ni tuve has’ ivyaremwe vyose,
Duh’ Umwam’ icubahiro,
Muririmbane natwe. bamarayika,
Tuti N’ ahimbazwe, amen.
Yes’ ashimwe, turamushim’ Umukiza
1. Yes’ ashimwe; turamushim’ umukiza;
Hose bahimbaze urukundo rwe!
Mumushime ngabo zo mw ijuru mwese,
Muhimbaz’ ubuntu n’ubgiza bge.
Ukw’ intama zirindwa n’umushumba,
Ni ko na Yes’ arind’ abana be.
Mumushime, Ngabo zo mw’ ijuru mwese;
Mutangarir’ Urwo rukundo rwe.
2. Yes’ ashimwe; turamushim’ umukiza.
kubg’ ibyaha byacu yapfiriye,
yaje mw’ isi ngw’ atubohor’ adukize,
aduh’ ubugingo budashira.
yarabambg’ abyemejwe n’urukundo.
Abagome baramuhemura.
yambikwa n’ikamba ry’amahwa mu mutwe.
byos’ abyemezwa n’urukundo rwe.
3. Yes’ ashimwe, turamushim’ Umukiza,
Yarazuts’ avyagira mw ijuru.
Non’ ashimwe n’abamarayika bera.
Bamuhimbaza n’ ijwi rirenga.
Non’ abantu boye gutiny’ urupfu :
Mwami Yesu, wararunesheje;
Ariko rwahinduw’ irembo ry’ijuru
N’ ukuzuka kwawe Mutabazi.
https://www.youtube.com/watch?v=aVfURDLiZoQ