Ndazi ko Yesu ankunda
1. Ndazi ko Yes’ ankunda,
Vyanditswe mu gitabo,
Nd’ uwo mu bana biwe,
Kand’ arambungabunga.
Ref
Yes’ arankunda,
Yes’ arankunda,
Yes’ arankunda,
N’ Umukiza wanje.
2. Naho ngayitse rwose
Ntiyaretse kunkunda,
Yampfiriye ku giti
Ngo nze nkurwekw ivyaha.
3. Kand’ amaze kumpfira
Yaciy’ anjishurira
Ikirimba c’ ijuru
Ngo mbone gushikayo.
4. Na ntary’ angenda hafi
Mu nzir‘ija mw‘ ijuru,
Kuko yampfiriy’ artyo,
Naramwishikaniye.
Ndeger’ umusaraba
1. Ndeger’Umusaraba ,
Nnar we, nkennye, mpumye;
Nta kindi kindi nshaka :
Ngusabye kunkiz’ubu.
Ref:
Mwami ndakwiringiye
Ayi Mucunguzi wanjye;
Dor’uko nkunamiye Mwami
Yes’unkiz ubu.
2. Nakwifujije kera,
Ndi mu ngoyi z’ibyaha;
Maz’umbwiranez’uti:
Ngukiz’ibicumuro !
3. Ubu ndakwihereje:
End’ibyo mfite byose,
Ubwenge n’imbaraga;
Byose Yes’ubyakire.
4. Nizey’ibyo wavuze
N’amaraso wavuye;
Ndicuza gutinda ntyo:
None, Yesu, nyakira!
5. Yesu, non’ungezemo ;
Urakaza, Mukiza !
Nta n’ineng’ umbaraho
Shimwa, shimwa, Nyakuza !
Ndons’ incuti nziza cane
1. Ndons’ incuti nziza cane,
Yarankunze ntayizi,
Yamfatishij’ umugozi
Ni wo rukundo rwayo:
Nkund’ izo ngoyi zangize
Imbohe y’Umukiza;
Nd’uwiwe, na we n’uwanje,
Gushits’ ibihe vyose.
2. Ndons’ incuti nziza cane,
Yamviriy’ amaraso,
Yanyiguz’ amp’ ubugingo,v
Na we yaranyihaye.
None singishing’ icuma ;
Ku bintu vyanje vyose,
Ivyanje na jew’ ubganje,
N’ivy’ Umukiza wanje.
3. Ndons’ incuti nziza cane,
Nyen’ ububasha bgose;
Ni w’anzigama mu nzira
Ndiko ndaja mw ijuru.
Nkiri mur’ ubu bugingo
Nzokwama ngavye cane,
Nshiz’ ubgoba mu ntambara,
Ngo nze nduhukireyo.
4. Ndons’ incuti nziza cane
N’umujanama wanje,
Andongor’aho nja hose,
Andind’ Umwansi wanje.
Nta rupfu cank’ ubugingo,
Cank’ abamarayika,
Nta biriho nta bizoza
Vyontandukanya na we.
Ngwino Mana nkuru
1. Ngwino Mana nkuru,
Udufashe none
Kugushima:
Data n’uhimbazwe,
Uri n’ ubuganji
Ngwin’ utuganz’ ubu,
Mana nkuru.
2. Ngwino Jambo wayo,
We nkot’ isogota,
Yesu Kristo:
Mu gusenga kwacu
Uduh’ umugisha,
Duhe kukwumvira,
Jambo ryera.
3. Ngwino Mpwemu Yera,
We Mufasha wacu,
Manuk’ ubu;
Ganzish’ inkomezi
Imitima yacu,
Ntunsige nk’impfuvyi,
Mpwemu Yera.
4. Butat’ Iman’ imwe,
Turaguhimbaza,
Tudasiba:
Duhe kuzoshika
I wawe mw ijuru,
Tukubone Mana
Y’Ubutatu.