Kinyarwanda Hymn

Ndagushimiye Umwana wankunze


1. Ndagushimiye Umwana wankunze
Yankirishij’urupfu rwiw’arazuka.


Ref
Haleluya, ndagushimye, Haleluya, Amen!
Haleluya, ndagushimye, Ngwin’ umpembure.


2. Yankirishije amaraso yiwe,
Nogejwe na yo sinzotsindwa mu manza.


3. Nar’ uwo gupfa, Yes’ arancungura,
Angira mu gishingo ku musaraba.


4. Ngwin’ umpembure, nkuramw’ubukonje,
Ng‘ umuriro wake mu mutima wanje.

 


Ndahevye vyose


1. Yesu, nd’ uwawe, nyakira,
N’ivyanje mfise vyose,
Ngo ngukunde, nkwizigire,
Nkuyoboke Mukiza.


Ref
Ndahevye vyose, Ndahevye vyose,
Yesu nguhay’ umutima, Ndahevye vyose.


2. Yesu, nd’ uwawe, nyakira,
Mpfukamy’ imbere yawe,
Kandi singikunz’ ivy’ isi,
Nyakira Yesu wanje.


3. Yesu, nd’uwawe, nyakira,
Mukiza, ngir’ uwawe,
Tuma Mpwemu Yer’ ambgire
Yuko naw’ ur’ uwanje.


4. Yesu, nd’ uwawe. nyakira,
Mwami, ndakwihereje,
Urukundo n’inkomezi
N’umugisha binzemwo.


5. Ndarons’ akanyamuneza
Kuzuye mu mutima,
Ndaririmba Haleluya
Mw izina ry’ Uhoraho.

 


Ndakugomba Mukiza we


1. Ndakugomba Mukiza we.
Nta ho mbasha kwijana,
Nifuza k’ umpora hafi,
Ukaj’ urankomeza.


Ref
Sinzogir’ ico ntinya,
Yesu, njan’ ah’ ugombo,
Nta ho nzogenda ngimira,
Ngukurikir’ ah’ uja.


2. Ndakugomba Mukiza we,
Ndiyoroheje cane,
Ni wewe gus’undemesha,
Nta wundi mbizigako.


3. Ndakugomba Mukiza we,
Aho ndi mur’ iyi si:
Mw isegenya no ku zuba,
Mu vyago no mu vyiza.


4. Ndakugomba Mukiza we,
Undongore mu nzira,
Nshitsa kuri Yorodani,
Utek’ urunjabutse.