Kinyarwanda Hymn

Umunyamibabaro


1. Umunyamibabaro
N’izina rintangaza
Ry’Umwana w’Uhoraho:
Tumushime, n’Umukiza.


2. Yemeye guhemurwa
No gushinyagurirwa,
Apfir’ abanyavyaha:
Tumushime, n’Umukiza.


3. Twatsinzwe n’urubanza,
We nta kibi yakoze,
Yatuberey’incungu:
Tumushime, n’Umukiza.


4. Bamubamvy’ arangiza
Ivyo kuducungura,
Ati Birarangiye:
Tumushime, n’Umukiza.


5. Amaze kuva mu mva, Yaraduze mw ijuru, Avyagiranye na Se: Tumushime, n’Umukiza.


6. Kandi ni yagaruka
Kutujana mw ijuru,
Tuzoririmba, tuti
Tumushime, n’Umukiza.

 


Umusi nabonye Yesu Mu nyonga ziw’ icese


1. Umusi nabonye Yesu
Mu nyonga ziw’ icese,
Nzohimbarwa cane rwose:
Ni we yadupfiriye.


Ref
Nzomubona, Yes’ Umwami,
Mw’ijuru dushitseyo;
Nzobona mu nyonga hiwe
N’icubahiro ciwe.


2. Mfise Yesu mu mutima,
Nararons’ urukundo,;
Umus’ umwe Yes’ azoza
Kutujana mw’ijuru.


3. Ya marushwa yacu yose,
N’ ivyo bitubabaza,
Ivyo vyose bizohera
Umusi twamubonye.


4. Aho Yes’ azotujana,
Tuzonezerwa cane,
Tumubony’ Umwami wacu,
Twoshim’ imyaka yose.

 


Umusi nabonye Yesu


1. Umusi nabonye Yesu Mu nyonga ziw’ icese, Nzohimbarwa cane rwose: Ni we yadupfiriye.


Ref Nzomubona, Yes’ Umwami, Mw’ijuru dushitseyo; Nzobona mu nyonga hiwe N’icubahiro ciwe. 2. Mfise Yesu mu mutima, Nararons’ urukundo, ; Umus’ umwe Yes’ azoza Kutujana mw’ijuru. 3. Ya marushwa yacu yose, N’ ivyo bitubabaza, Ivyo vyose bizohera Umusi twamubonye 4. Aho Yes’ azotujana, Tuzonezerwa cane, Tumubony’ Umwami wacu, Twoshim’ imyaka yose.

 


Umv’intumwa zo mw’ijuru


Umv’ intumwa zo mw ijuru
Ziririmbira Yesu,
Zit’ Iman’ ishimwe cane,
Amahor’ abe mw isi,
Kuk’ Umwana way’ avutse,
Azokiz’ abanyavyaha;
Namwe ni munezerwe
Tunezeranwe cane


Ref
“Intumwa zo mw ijuru
Ziririmbira Yesu”


Uvukiye mu kiraro
C’ink’ avyawe n’umworo,
Uwo Mwana n’Uhoraho,
Bose bamuhimbaze:
Tugushime cane Yesu,
Ur’ Iman’ uri n’umuntu;
Nk’ uko witw’ Imanweli,
Iman’ ibane natwe


Nukw amoko yos’ ashime
Krist’ Uwera w’Imana.
Hose hose humvikane
Indirimbo z’ ishimwe
Amahoro n’ abe mw isi.
Kuk’ Umwami Yes’ avutse
Ni we Mukunzi wacu,
N’Umuvunnyi duhawe