Kinyarwanda Hymn

Uyu munsi narons’ indirimbo nziza


1. Uyu musi narons’ indirimbo nziza,
Yuzuye mu mutima wanje,
Ndanezerwa cane ndatazir’Imana,
Kukw’ari y’impay’ amahoro.


Ref
Yesu, mp’amahoro,
Ya yand’ ava ku Mana nyene,
Anyuzure mu mutim’ imyaka yose,
Naman’ urukundo rw’ Imana.


2. Amahoro nahawe na Yes’ Umwami,
Ndayazigamye ku mutima,
Naho hogir’ abanyag’ ayo mahoro,
Sinzopfa ndayahevye na mba.


3. None ndaruhutse neza ku mutima,
Kuko Yes’ari w’ anzigama,
Arandind’ivyangora kand’ivyantsinda,
Ku mutima har’ amahoro.


4. Umusi Yesu yatujanye mw ijuru,
Tuzomubon’ Imana yacu,
Turirimb’ indirimbo zo kumushima,
Tuzogir’akanyamuneza.


5. Mbega none wewe wabuz’ amahoro,
Ujany’ inzira ya Satani,
N’uze, Yes’ arakugirir’ ikigongwe,
Uc’uronk’amahoro nawe.

 


Wasiz’ icubahiro c’ i wawe


1. Wasiz’ icubahiro c’ i wawe
Hamwe waza mw isi Yesu,
Maz’ abo mw’isi bakwim’ ah’ uba
Mu kuvuka kwawe kwera.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami:
Mgwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami.


2. Abamarayika baririmvye
Mwami Yesu, ko wimitswe,
Ariko Mwami Ruganza vyose,
Waricishije bugufi.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami:
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami.


3. Ibiguruka bifis’ ivyari,
N’ imbgebge ziri n’imyobo,
Weho Mwana w’ umuntu, wabuze
Ah’ urambik’ umusaya.
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami:
Ngwino mu mutima wanje,
Ndaguhay’ ah’ uba Mwami.


4. Wazanye mw’is’ijambo rizima
Ryo gukiz’ abana bawe,
Maze baragukengera cane,
Bakubamba ku giti.
Ngwino mu mutina wanje,
Nizey’ uwo musaraba:
Ngwino mu mutima wanje,
Nizey’ uwo musaraba.


5. Abo mw’ijuru bazoririmba
Ah’ uzozira kunesha:
Nzumv’ ijwi ryawe rimbwira, riti
Ndaguhay’ ah’uba nawe!
Nzonezerwa mu mutima
Ni waz’ ukampamagara:
Nzonezerwa mu mutima
Ni waz’ukampamagara.

 


Yanyishuriye


1. Numv’ Umukiz’ ambwira
Ko mbuz’ inkomezi,
Ngo name ndamusenga,
Nta co nzomuburana.


Ref
Yanyishuriye ya myenda yose,
Yarampariy’ ivyaha Vyahinduts’ umweru.


2. Ni w’ afis’ inkomezi
Zibasha gukiza,
Zikiz’ ab’ imibembe,
Zigakiz’ umutima.


3. Nasa n’uwahwereye,
Mu mutima wanje,
Yesu yarawuzuye
Arawukomeza pe.


4. Imbere ya ya ntebe
Nzohagararayo
Nzojanay’ iminyago
Ndayihereze Yesu.