Twese dushim’ Umwam’ Imana ni tuyisenge
1. Twese dushim’ Umwam’ Imana ni tuyisenge,
Kukw ari yo yaremy‘ ivyo mw isi n’ ivy‘ ijuru;
Yesu Mwami, wez’ imitima yacu
Ngo turirimbir’ Imana.
2. Ni tumushim’ Umwam’ Imana ni tuyisenge,
Kw ari y’ iganza nez’ ivyo mu bihugu vyose;
Yam’ iduha ibidukwiye vyose,
Twizer’ iryo jambo ryiza.
3. Ni tumushim’ Umwam’ Imana, ni tuyisenge;
Yaraturemye, ni yo yaduhay’ ubugingo;
Iduh’ amahoro mu vyago vyacu,
N’ Iman’ igir’ imbabazi.
4. Ni tumushim’ Umwam’ Imana, ni tuyisenge;
Ibihumeka vyose bishim’ izina ryayo;
Tuyikunde kukw ar’ umuco wacu;
Tuyiseng’ imisi yose.
Twumvis’ inkuru nziza
1. Twumvis’ inkuru nziza;
Ko Yesu akiza!
Bibgir’ abantu bose
Ko Yesu akiza!
Bivuge mu gihugu,
No mu mihana yose,
Menyesha n’ abahona
Ko Yesu akiza!
2. Mumenyesh’abarushe
Ko Yesu akiza!
Mumenyesh’ abagowe
Ko Yesu akiza!
Yaviriy’ amaraso
Yiwe ku musaraba
Kugira ngo ntibapfe:
Ni Yesu akiza!
3. Mumenyesh’abakuru
Ko Yesu akiza!
Mumenyesh’abigisha
Ko Yesu akiza!
Mubibgir’abo hafi.
N’ababa kure hose,
N’abo mu bisagara
Ko Yesu akiza!
4. Yemw’Abarundi mwese,
Ni Yesu akiza!
Mwihane mumwemere.
Ni Yesu akiza!
Abiga n’abakora,
Abavyeyi n’abana,
Yabapfiriye mwese;
Ni Yesu akiza.
Ubugingo bganje bgahinduts’ ukundi
1. Ubugingo bganje bgahinduts’ ukundi
Yes’ aho yangereramwo,
Umuco washitse mu mutima wanje
Yes’ aho yangereramwo.
Ref
Yesu yangerereyemwo,
Yesu yangerereyemwo,
Haleluya ndanezerewe, ndashima
Yesu yangerereyemwo.
2. Naretse gukezera no kuzimira,
Yes’ aho yangereramwo
Ivyaha vyanje vyarakuweho rwose
Yes’ aho yangereramwo.
3. Noneho mfis’ ivyizigiro nizeye
Yesu yangerereyemwo,
Ko ndongowe mu nzira sinkekeranya,
Yesu yangerereyemwo.
4. Sintinya mu mwonga w’urupfu,
ndi kumwe Na Yes’ angerereyemwo,
Kuko mbon’ ibirimba vy’ umurwa wera
Wa Yes’ angerereyemwo.
5. Nzi ko nzoja kubana kur’ uwo murwa
Na Yes’ angerereyemwo,
Ni kubg’ ivyo nzokwama ndirimba nshima
Yesu yangerereyemwo.
Ubuntu bwakijije Umunyabyaha
Ubuntu bwakijije Umunyabyaha nka njye
Nari nzimiye none ubu ndiho Nari impumyi ubu ndabona.
Ni ubuntu bwanyigishije Gutinya Uwiteka
Mbeg’ ukuntu ar’ iby’ igiciro cyinshi igihe nakizwaga.
Chorus
Iminyururu yose yamvuyeho Narabohowe ndamushima
Yancunguye kubw’ubuntu n’urukundo bidashira.
Mu ngorame n’imiruho Dore aho ngeze
Ni Ubuntu bungejeje aha Buzangeza imuhira.
Iyi si irashora vuba Izuba ryijime
Ariko iyampamagaye Nzaba uwayo iteka.
Umwami yansezeranyije ibyiza N’ijambo ry’ihumure
Azaba ingabo inkingira Mu gihe nkiriho.
Tujanye na Yesu
1. Tujanye na Yesu, Tumwumviye cane,
Twogendera mu muco wiwe,
Akatuyobora, Akabana natwe
N’ abamwizer’ uko bangana.
Ref
Mwizigire, Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.
2. Ntihakingirizwa, Nta gicu gikuba,
Yes’ amwenyuye kireyuka,
Nta bgoba buriho, Cank’ umubabaro,
Bimarwa n’ uko tumwizeye.
3. Amarushwa yose Ntiyotubabaza.
Ni w’ aduhembur’ imbu zose;
Ivyo twita bibi Bitubera vyiza,
Tumwizigiye, tumwumviye.
4. Ntitwokwiyungura Kugir’ akaneza
Tudakijijw’ ivy’ isi vyose,
Kuk’ ubuntu bgiwe N’ imbabazi ziwe
Ar’ impera y’ abamwizeye.
5.Tumugiye hafi Tukamugendako,
Twoba tugirirany’ ubumwe,
Maze yodutuma Tugaca tugenda,
Tukamwumvira tumwizeye.