Gitandara c’ Imana
1. Gitandara c’ Imana,
Reka nguhungireko,
Kubg’ imbabazi zawe
Kera warammenewe;
Non’ ubu nkwihishemwo
Ukuraka kw Imana.
2. Amazi n’amaraso
Vyo mu rubavu rwawe
Binkiz’ uburyo bgompi
Urubanza rw’ ivyaha
N’ ubushobozi bgavyo,
Vyoye kuntsind’ ukundi.
3. Ivyo twokora vyose,
N’ umwete wacu wose,
N’ umubabaro mwinshi,
N’ amosoz’ adashira,
Vyose ntivyoshobora
Kudukurakw ivyaha.
4. Ivyanje ntibigira
Ico bimaze Yesu,
Simfis’ ico noguha,
Ndaba ku musaraba
Wawe wampfiriyeko,
Ni wo nizeye gusa.
5. Raba ndagenda gusa,
Ndakwinginz’ unyambike;
Sinshobora kwikiza,
Ndakugombak’ ubuntu;
Unyuhagir’ imvyiro
Mukiza, noye gupfa.
6. Nuko nkiriho mw isi,
Mwami, nguhungireko;
No ku musi w’ imanza,
Nshitse mu nyonga zawe,
Gitandara c’ Imana
Uz’ undeke nkwisunge.
Hafi y’ Umusaraba
1.Hafi y’Umusaraba,aho ntura iteka,
niho mperwa ku buntu amazi y’ubugingo.
Ref:
nirata umusaraba kugeza ubwo nzaba
mbonye uburuhukiro hakurya y’uruzi
2.nahageze nshobewe,nsinzwe n’urubanza,
Yesu arambabarira,angotesha urukundo.
3.mwami Yesu unyibutse uwo musaraba.
kugira ngo ngendere mu gicucu cyawo.
4.Ni w’utuma nemera Kwang’ iby’isi rwose,
Kukw ari w’unkundisha Yesu wamfiriye.
5.Hafi y’Umusaraba, Ni ho ntur’iteka,
Ntegerej’ igihe cyo Kwambuka rwa Ruzi.
Hafi y’umusaraba
1. Hafi y’umusara, ba
Har’ isoko nziza,
Bose banywako gusa,
Ivamw’ agakiza.
Ref
Ngumeho, ngumeho
ku, giti Ca Yesu,
Amoroso yiwe n’isoko
y’ubugingo.
2. Hafi y’ umusaraba
M parons’ imbabazi,
Umuco wera watse
Mu mutima wanje.
3. Hafi y’ umusaraba
Mpwem’ Imana Yera.
Unyerek’ Umukiza
Ngo mmukuiikire.
4. Mwami Yes’ unyemcze
Uwo musaraba
Kugira ngo ngendere
Mu gitutu cawo.
5. Ni w’utuma nemera
Kwank’ ivy’ isi rwosc,
Kukw ari w’unkundisha
Yesu yampfiriye.
6. Hafi y’umusaraba
Ni ho nzohora mba,
Ndorereye ça gihe
Nzojabuk’ uruzi.