Kinyarwanda Hymn

Dushimish’ Imana Imitima n’ amajwi


1. Dushimish’ Imana Imitima n’ amajwi,
Abo mw isi bose Bayitazire cane,
Yam’ iduh’ ivyiza Guhera mu bgana,
Kand’ uko yahoze Na none ni kw’ iri.


2. Imana y’ubuntu Yam’ iba hafi yacu,
Iduh’ akaneza N’ amahor’ adashira.
Idukiz’ ivyago, Itwerek’ inzira,
Iturind’ ivyaha, Gushitsa ku gupfa.


3. Muremyi wa twese, Dushim’ izina ryawe
N’ iry’ Umwana wawe Watanz’ akadupfira,
Dushime na Mpwemu, Ni mwebge Butatu,
Burimw’ Iman’ imwe: Turaguhimbaza.

 


Ewe Mukiza wanje


1. Ewe Mukiza wanje, wakubisw’inguma.
Mukama wambitswe n’ igitsiboc’amahwa.
Mukama wababajwe, non’ushimwe cane.
Wambabariye rwose, Mukama n’ ushimwe.


2. Yesu, wababariy’ ivyaha vyanje vyose,
Wampaniw’ ari jewe nari nacumuye,
Car’ igihano canje, urakimpanirwa,
Mukama, wantabaye ngo ndonk’ imbabazi.


3. Mukama, ndagushima n’ umutima wose,
Wampfiriye ku giti, wankijij’ivyaha;
Undemeshe nizere ngo ngukurikire,
Kandi n’ aho nzopfira, mpfire muri wewe.


4. Aho nzovira mw isi ntundeke jenyene,
Urupfu ni rwantsinda uz’ummar’ubgoba.
Nah’ umubiri wanj’uzobora ngashira,
Ndazi ko nzokwibonera n’ amaso yanje.


5. Kur’ uwo musi Yes‘uz’ uwundemesheko, Ngo
mbon’ inyonga zawe nk’ ah’uri ku giti;
Kubg’ ic’ umpe kunesha nk’ uko wanesheje:
Hahirw’ uzopf arengukijwe nawe Mwami.

 


Hafi y’ Umusaraba


1.Hafi y’Umusaraba,aho ntura iteka,
niho mperwa ku buntu amazi y’ubugingo.


Ref:
nirata umusaraba kugeza ubwo nzaba
mbonye uburuhukiro hakurya y’uruzi


2.nahageze nshobewe,nsinzwe n’urubanza,
Yesu arambabarira,angotesha urukundo.


3.mwami Yesu unyibutse uwo musaraba.
kugira ngo ngendere mu gicucu cyawo.


4.Ni w’utuma nemera Kwang’ iby’isi rwose,
Kukw ari w’unkundisha Yesu wamfiriye.


5.Hafi y’Umusaraba, Ni ho ntur’iteka,
Ntegerej’ igihe cyo Kwambuka rwa Ruzi.