Yesu n’Umukunzi wacu
1. Yesu n’Umukunzi wacu,
Ni w’ atwikorerera
Imibabaro n’ivyaha,
Akatubabarira.
Umunt’ adasenga wese
Ntiyoronk’ amahoro,
Tweho tuje kuri Yesu,
Tumubarire vyose.
2. Umunt’ adasenga wese
Yaman’ ivyaha vyiwe,
Ngwino, ngwino kuri Yesu
Akuruhure vuba.
Yes’ aradukunda twese,
Yes’ afis’ imbabazi,
Yapfiriy’ abantu bose,
Mumusenge n’Umwami.
3. Ivyaha n’ubgoba bgose
N’imitim’ ibabaye
Tubijane kuri Yesu,
Araduh’ amahoro.
Ntitugir’ umutabazi
Adukunda nka Yesu,
Ariko Yesu wenyene
N’umukunzi w’abantu.
Yesu, ndacibuk’ umusi
I.Yesu, ndacibuk’ umusi
Mwiza nakwemereyeko
Kw ari wewe Mana yanje,
Ni vyo nnezererwa cane.
Ref
Mpimbaze, mpimbaze,
Yesu yanyogej’ ivyaha;
Anyigisha kumusenga
Bituma mpora nnezerwa,
Mpimbaze, mpimbaze
Yesu yanyogej’ ivyaha.
2. Wahejeje kuncungura,
None nd’ uwawe Mukiza;
Ni wewe wampamagaye,
Numvis’ ijwi ryawe ryiza.
3. Kera nari nahabiye
Kure mu ngeso mbi z’ isi,
Maze ndakugarukako,
Ni wewe Mukiza wanje.
4. Nasezeranije Yesu,
Guhora nkor’ ivy’ ugomba;
Ni nashika no ku mpfiro
Sinzoreka kunezerwa.
Yesu, niwewe naronkeyemwo
1. Yesu, ni wewe naronkeyemwo
Amahoro mu mutima;
Nahora ndayaronder’ ahandi,
Ariko nta handi hariho.
Ref
Nta wund’ atari Yesu yombumba,
Nta rindi zina nokwemera,
Kuk’ubugingo n’umunezero
Bibonekera muri we.
2. Kera naronder’ umunezero
Nits’ umutima mpebuye;
Nariko ndarengan’ Umukiza,
Antegesh’ urukundo rwiwe
3. Nagejeje kunywa ku migezi
Y’umunezero w’iyi si, Irakama,
ndihebura rwose,
Njigirijwe ndarira cane.
4. Sinarizwa n’uko ntagufise,
Gushits’ ah’ umpumuriye:
Unkoze ku maso ndakwihweza,
Nkubonye ndizwa n’igishika.