Ugusenga
1. Ugusenga. ugusenga
Kuramfash’ ibihe vyose,
Kunshikana kuri Data,
Akankiza mu bingoye.
Kandi Satan’ iy’ anteye
Akansuk’ uburyo bgose,
Ibihetangabo kenshi,
Ugusenga kuramfasha.
2. Wa gusenga, wa gusenga,
Amababa yaw’ ajana
Ivyo nsaba kuri Data,
Yiteze kump’ umugisha.
Kw ari we nzigak’ ubuntu,
Sinzoreka kumusenga,
Nzomukorer’ amaganya:
Ntazokwanka kunduhura.
3. Kand’ igihe kizoshika
Mbon’ ibiri kure vyose,
Vy’ igihugu citereye
Hariy’ i wacu mw ijuru.
Ni ho nzoca nterurirwa,
Njanwe n’abamarayika,
Ndirimban’ umunezero:
Uhor’undinganirije
1. Uhor’undinganirije
Amajamb’atunganye,
Umpubure mmeny’ukuri
Kw amajambo yawe.
Nkund’ amajambo yawe
Kw ampa kukwizigira.
Ref
Amajambo meza cane
Yo kunter’ umunezero,
Ni yo meza, ndayakunda,
Nta h’ atannezera.
2. Umwami Yes’ arineze,
Ni w’ atang’ amajambo,
Munyavyaha, ngo renguka,
Wumv’ ivy’ ubugingo:
Atugirir’ ubuntu,
Akatwiyegereza.
3. Menyesha bos’ ubutumwa
N’amajamb’atunganye.
Ni muz’ arabaharira,
Mwakir’ ubugingo.
Yesu ni we Mukiza,
Ni w’ atang’ubugingo.
Umukiza Yesu yaryamye mu mva
1. Umukiza Yesu yaryamye mu mva
Akirorerey’ igihe ciwe.
Ref
Ku wugira gatatu, Arazuk’ aneshej’ urupfu,
Ava mu mwiz’arusize rutsinzwe,Ahor’arih’ibihe bidashira.
Yarazutse! yarazutse! Tumushime, yarazutse.
2. Barindiy’ ubusa Umwami wacu,
Bugay” imva yiwe, bib’ ubusa.
3. Ingoyi z’ urupfu yaraziciye,
Runanirwa rwose kumugumya.