Tiharih’ ohikiriir’ omu ns’ egi
Tiharih’ ohikiriir’ omu ns’ egi, Kandi n’omu iguru tarimu,
Kurek’ abayogiibw’ omu shagama Ya Yesu, Omujuni wa
Refrain
Iw’ oraizire aha Mujuni? Oroogiibw’ omu shagama ye?
Ebibi byawe birakusaasiirwe? Ebijwaro byawe nibyera?
Ogyenda n’Omujuni bur’ izooba? Oroogiibw’ omu shagama ye?
Noohuumurir’ aha musharaba gwe? Oroogiibw’ omu shagama ye?
Omujuni Yesu Ku arigaruka Aryakushanga oyogiire gye?
Omushagama y’omwana gw’Entaama? Oshemereire ku mureeba.
Ebijwaro byawe ebisiisikaire, Bijuur’, oyogibw’ eshagama;
Hariho enshur’ ey’okwozy’ abasiisi; Mbwen’ ija, naiw’ ekushemeze
Twebg’ abami batatu
1. Twebg’ abami batatu
Tuje tuzany’ ishikanwa;
I wacu ni kure cane,
Turonder’ Umwami.
Ref
Ego, Inyenyeri ya Ycsu
Ni yo yaturongoye,
Twayibonye kw ‘ijuru
Ni yo yadushikany’ino.
2. Turazany’ imibavu
Hamwe n’ izahabu zacu.
Yesu ni we mwiza rwose,
Ni we Mwami wacu.
3. Uwo Mwami yitwa Yesu,
Yavukiy’i Betelehemu,
Tuzanywe no kumusenga,
N’ Umwana w’ Imana.
4. None raba Yes’ Umwami,
Yazanywe no kudukiza,
Turirimbe Haleluya,
Yaj’ Umutabazi.
Twese dushim’ Umwam’ Imana ni tuyisenge
1. Twese dushim’ Umwam’ Imana ni tuyisenge,
Kukw ari yo yaremy‘ ivyo mw isi n’ ivy‘ ijuru;
Yesu Mwami, wez’ imitima yacu
Ngo turirimbir’ Imana.
2. Ni tumushim’ Umwam’ Imana ni tuyisenge,
Kw ari y’ iganza nez’ ivyo mu bihugu vyose;
Yam’ iduha ibidukwiye vyose,
Twizer’ iryo jambo ryiza.
3. Ni tumushim’ Umwam’ Imana, ni tuyisenge;
Yaraturemye, ni yo yaduhay’ ubugingo;
Iduh’ amahoro mu vyago vyacu,
N’ Iman’ igir’ imbabazi.
4. Ni tumushim’ Umwam’ Imana, ni tuyisenge;
Ibihumeka vyose bishim’ izina ryayo;
Tuyikunde kukw ar’ umuco wacu;
Tuyiseng’ imisi yose.
Twumvis’ inkuru nziza
1. Twumvis’ inkuru nziza;
Ko Yesu akiza!
Bibgir’ abantu bose
Ko Yesu akiza!
Bivuge mu gihugu,
No mu mihana yose,
Menyesha n’ abahona
Ko Yesu akiza!
2. Mumenyesh’abarushe
Ko Yesu akiza!
Mumenyesh’ abagowe
Ko Yesu akiza!
Yaviriy’ amaraso
Yiwe ku musaraba
Kugira ngo ntibapfe:
Ni Yesu akiza!
3. Mumenyesh’abakuru
Ko Yesu akiza!
Mumenyesh’abigisha
Ko Yesu akiza!
Mubibgir’abo hafi.
N’ababa kure hose,
N’abo mu bisagara
Ko Yesu akiza!
4. Yemw’Abarundi mwese,
Ni Yesu akiza!
Mwihane mumwemere.
Ni Yesu akiza!
Abiga n’abakora,
Abavyeyi n’abana,
Yabapfiriye mwese;
Ni Yesu akiza.
Tujanye na Yesu
1. Tujanye na Yesu, Tumwumviye cane,
Twogendera mu muco wiwe,
Akatuyobora, Akabana natwe
N’ abamwizer’ uko bangana.
Ref
Mwizigire, Umwumvire cane,
Ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.
2. Ntihakingirizwa, Nta gicu gikuba,
Yes’ amwenyuye kireyuka,
Nta bgoba buriho, Cank’ umubabaro,
Bimarwa n’ uko tumwizeye.
3. Amarushwa yose Ntiyotubabaza.
Ni w’ aduhembur’ imbu zose;
Ivyo twita bibi Bitubera vyiza,
Tumwizigiye, tumwumviye.
4. Ntitwokwiyungura Kugir’ akaneza
Tudakijijw’ ivy’ isi vyose,
Kuk’ ubuntu bgiwe N’ imbabazi ziwe
Ar’ impera y’ abamwizeye.
5.Tumugiye hafi Tukamugendako,
Twoba tugirirany’ ubumwe,
Maze yodutuma Tugaca tugenda,
Tukamwumvira tumwizeye.