Umv’intumwa zo mw’ijuru
Umv’ intumwa zo mw ijuru
Ziririmbira Yesu,
Zit’ Iman’ ishimwe cane,
Amahor’ abe mw isi,
Kuk’ Umwana way’ avutse,
Azokiz’ abanyavyaha;
Namwe ni munezerwe
Tunezeranwe cane
Ref
“Intumwa zo mw ijuru
Ziririmbira Yesu”
Uvukiye mu kiraro
C’ink’ avyawe n’umworo,
Uwo Mwana n’Uhoraho,
Bose bamuhimbaze:
Tugushime cane Yesu,
Ur’ Iman’ uri n’umuntu;
Nk’ uko witw’ Imanweli,
Iman’ ibane natwe
Nukw amoko yos’ ashime
Krist’ Uwera w’Imana.
Hose hose humvikane
Indirimbo z’ ishimwe
Amahoro n’ abe mw isi.
Kuk’ Umwami Yes’ avutse
Ni we Mukunzi wacu,
N’Umuvunnyi duhawe
Umwami wacu Yesu ni we tanguriro ry’Ishengero
1. Umwami wacu Yesu
Ni we Tanguriro
Ry’ Ishengero yaremye
Mu mazi n’ ijambo
Yazanywe mw isi yacu
No kudukiz’ icaha,
Tumuber’ Ishengero
Yaguz’ amaraso
2. Ishengero ni rimwe
Mu mahanga menshi,
Ryizer’ Umukiz’ umwe,
N’ukuvuka kumwe,
Rishim’ izina rimwe,
Risangiy’ Ingaburo
Imwe y‘Umwami wacu,
Ryizigira kumwe.
3. Ewe kintu cazanye
Ibice muri ryo,
Ababi bari hanze
Bakarikengera!
Yamar’ abera baryo
Bahora bari maso
Batakambir’ Umwami
Ngw‘az’ aritabare.
4. Mu vyago birigoye
Riruhurwa rwose ,
No kuzig’ amahoro
Mu bihe bizoza:
Ryifuza kuzobona
Ivyiza vyo mw ijuru,
Rivuye mu ntambara,
Rinesheje rwose.
5. Kandi rikiri mw‘isi,
Rifitany’ ubumwe
Na Dat’ Imana yacu.
N’ abayo mw ijuru:
Man’ umpe kwama mmera
Nk’ uko bamera mw isi,
Ngo nanje nshik’ i wawe,
Mbahamvye mw ijuru.
Uri Nkuru
Uhoraho nama ntangazwa cane
N’ivyaremwe n’ibiganza vyawe
Inyenyeri n’uguhindakw’inkuba
Vyerekanaububashabwawe
Ref
Mwami Mana ndakuririmbira
Uri nkuru uri Nkuru
Mwami Mana ndakuririmbira
Uri nkuru uri Nkuru
Iyongenda mw’ishambary’ikibira
Numv’inyoni uko ziririmba
Ndikumpinga ndende ndaba mu mwonga
Mbon’imigezi numv’umuyaga
Iyo nibutse ko Mana watanze
Umwana wawe k’umusaraba
Imitwaro yanje akayikorera
Yampfiriye ngombe umwana wawe
Kristo azozanana n’impunduziwe
Azonjana mu rugo kwa Data
Nzopfukama mpimbaz’Imanayanje
Mvuz’impundu nti Mana uri Nkuru