Kinyarwanda Hymn

Nyegereza hafi yawe


1. Nd’uwawe Mwami, kuko numvise
Ijwi ryawe ry’ urukundo,
Ariko nifuza kukwizera
No kukwegera rwose.


Ref
Nyegereza hafi yawe, Mukiza,
Hafi y’ umusaraba,
Nyegerez’ urubavu rwawe, Mwami,
Rumwe rwancumitirwa.


2. Unsabishe Mwami, nkuyoboke,
Nshobozwa n’ ubuntu bgawe,
Ivyo ngomba bicik’ivy’ugomba,
Ngutumbere nkwizeye.


3. Eka ndanezerewe ko ndonse
Uko twobonana nawe,
Nd’imbere y’inyundo zawe Mwami,
Tukayaga nk’ incuti.


4. Sinoruha ntahur’urukundo
Rwawe nkiri mu mubiri,
Nzorumenyana n’ umunezero
Ni nashika mwi’juru.

 


Nzama nganyira Yes’ ibingoye


1. Nzama nganyira Yes’ ibingoye,
Sinzovyihererana nd’ umwe,
Mmutakambiye yoc’ antabara
Kukw ankunda, nd’ umwana wiwe.


Ref
Nzama nganyira Yes’ ibingoye,
Sinzovyihererana nd’ umwe,
Nzama nganyira Yes’ ibingoye,
Simfis’ uwundi Mutabazi.


2. Nzama nganyira Yes’ ibindusha,
Ni we Mugenz’ arut‘ abandi,
Mbimwiganiye yoc’ abinkiza,
Azondemesha mu mutima.


3. Ndi n’ibindwanya bingerageza,
Ariko mfise n’ Umukiza,
Ivyahora bimbabaza kera,
Vyose nabiremetse Yesu.


4. Is’ irageza kunyosha nabi,
Satan’ akaz’ agir’ ansuke,
Ariko ntakambiy’ Umukiza,
Ampa kunesha nkabitsinda

 


O Joro Ryera


O Joro Ryera inyenyeri zirakayangana
Ijoro Ry’ ukuvuka kw’ Umukiza.
Isi yar’ iboshwe n’ ivyaha Bitagira uko bingana
Gushik’ aje umutim’ ukumva agaciro
isi y‘umuruho Yanezerejwe n’ivyizigiro
kuko igitondo Gishasha gitamanzuye
Dupfukame Umviriz’ amajwi Y’abamarayika
Ijoro Ryera O Ijoro Ry’ ukuvuka Kwa Yesu
Ijoro Ryera Ijoro Ijoro Ijoro Ryera.


Yatwigishije gukundana vy’ ukuri rukundo ni ryo
Tegeko Amahoro nibwo butumwa
Azoc’ iminyororo kuko tutakir’ abaja
mw’ izina ryiwe agacinyizo kose kazohera
Turirimb’ indirimbo z’ umunezero dushima
Twese duhimbaz’ izina ryiwe Ryera
Kristo n’umwami duhimbaz’ izina ryiwe
dutangaz’ ubwiza N‘ububasha bwiwe
Ijoro Ryera dupfukame Umiviriz’ amajwi Y’abamarayika
Ijoro Ryera Joro Ryera.