Kinyarwanda Hymn

Nkunda Yesu wanje


1. Har’ izina rinnezereza,
Nireza kuriririmba,
Rirandyohera, ndarikunda,v Rirut’ ayandi yose.


Ref
Nkunda Yesu wanje,
Nkunda Yesu wanje,
Nkunda Yesu wanje,
Yabanje kudukunda.


2. Rimenyesh’ ingen’ Umukiza
Yankunz’ akanyitangira,
Rimbgir’ ivy’ amaraso yiwe,
Ingen’ azondekuza.


3. Rimbgir’ ivyo Data wa twese
Yanshinguriye mw ijuru,
N’ iyo nogenda no mu mwiza
Ni ryo rimber’ umuco.


4. Rimbarir’ ingen’ umutimav W Umukiza wanje Yesu
Wam’ ubabarana na rwanje,
Ukampa kwihangana

 


Nkund’ubucuti buva mw’ijuru


1. Nkund’ubucuti buva mw ijuru,
Nisunz’amabok’ahoraho,
Ngiz’amahirwe, ndons’amahoro,
Nisunz’amabok’ahoraho.


Ref
Nkiza, nkiza, nkikiz’amaboko yawe,
Nkiza, nkiza, nisunz’amabok’ahoraho.


2 . Nzokwama ngend’urugendo rwanje,
Nisunz’ amabok’ahoraho,
Nta mwiza ngira mu nzira yanje,
Nisunz’amabok’ahoraho.


3. Nta bwoba mfise, sinciganyira,
Nisunz’amabok’ahoraho,
Nguwe nez’ubu, ndatunganiwe,
Nisunz’amabok’ahoraho.

 


Ntaco mfise nireguza


1. Nta co mfise nireguza Atar‘uko wampfiriye,
Kandi yuko wampamagaye: Mucunguzi, nditavye.


2. Gukekeranya ni kwinshi, Mbabazwa cane Mukiza,
N’intambara yo mu mutima; Mucunguzi, nditavye.


3. Sintinyuka no kugeza Kwikurakw‘ ibinyanduje,
Nizigiy’ amaraso yawe; Mucunguzi, nditavye.


4. Naho nd’ umworo nd’impumyi, Ni wew‘ump’ itunga ryawe
Ukampumur’ ukampimbara; Mucunguzi, nditavye.


5. Uranyakira nanduye, Uranyoz’ uramparira;
Kuko nizey’ isezerano Ryawe Yesu, nditavye.


6. Urukundo rwawe rwinshi Runkuyekw ivyantebeje,
Ndakunze kub’ uwawe rwose; Mucunguzi, nditavye.


7. Urwo rukundo mmeny’ ubu Rwanyujuje n’Uhoraho,
Nshikir’ ungab’ unyiganzire; Mukiza, ndishikanye.