Kinyarwanda Hymn

Aho tuzokwumv’ inzamba


1. Aho tuzokwumv’ inzamba z’ Umwami wacu Yesu,
Bugac’ uwo mus’ urangiza kwira.
Ni h’ abakijijwe bo mw isi bazokoranira
Hirya mw ijuru bajabuts’ uruzi.


Ref
Uwo musi w’ imperera
Hazobumburw’ igitabo
Canditswemw’ abakijijwe,
Mu marina yab’ iryanje ririmwo.


2. Wa mus’ abapfiriye mu Mwami bazova mu mva,
Basangiye na w’ ukuzuka kwiwe,
Bazohurira mw ijuru n’ abazoba baribo,
Nanje nyene sinzobura kuhaba.


3. Yesu Databuja nzomukorer’ umusi wire,
Nze namamaz’ urukundo rw’Imana,
Maze mpejej’ ivyo ndamukorera mur’ iyi si
Azonyemerera kuja mw ijuru

 


Ai gitare cy’Imana


1. Ai Gitare Cy’Imana Reka Nguhungireho
Kubw’imbabazi Zawe Kera Waramenewe
Non’ubu Nkwihishemo Umujinya W’Imana


2. Amazi N’amaraso Byo Mu Rubavu Rwawe
Binkiz’uburyo Bwombi Urubanza Rw’ibyaha
N’imbaraga Mbi Zabyo Bye Kuzansind’ukundi.


3. Ibyo Twakora Byose N’umwete Wacu Wose
N’agahinda Gasaze N’amarira Adashira
Byose Ntibyashobora Kudukurah’ibyaha.


4. Ntacyo Nzanye Mu Ntoki Cyabasha Kunshungura
Simfit’icyo Naguha Nizey’umusaraba
Uwo Wamfiriyeho Niwo Njya Niringira.


5. Dore Nambaye Ubusa Ndakwinginze Unyambike
Sinabasha Kwikiza Ndagushakaho Ubuntu
Unyuhagir’ibyaha Mutabazi Ne Gupfa.

 


Amahor’ atangwa na Yesu wacu


1. Amahor’ atangwa na Yesu wacu
Ntagir’ akagero, nta h’ azoshira,
Yam’ ahumuriza abayafise,
N’ utayata, nta ho woyakurwako.


Ref
Wizigir’ Imana, uyizigira
Ntabur’ amahoro mez’ adashira.


2. Abo Yes’ azigamish’ amaboko
Nta mwans’ ashobora kubashikako:
Kandi nta maganya yohagarika
Imitima’ izigamwa n’ Umukiza.


3.Ibitunezera n’ ivyago vyose
Biva mu rukundo rw’ Umwam’Imana,
Ntugakekeranye,uyizigire
Ntiyohemukira uyizer’ artyo.