Nkund’ubucuti buva mw’ijuru
1. Nkund’ubucuti buva mw ijuru,
Nisunz’amabok’ahoraho,
Ngiz’amahirwe, ndons’amahoro,
Nisunz’amabok’ahoraho.
Ref
Nkiza, nkiza, nkikiz’amaboko yawe,
Nkiza, nkiza, nisunz’amabok’ahoraho.
2 . Nzokwama ngend’urugendo rwanje,
Nisunz’ amabok’ahoraho,
Nta mwiza ngira mu nzira yanje,
Nisunz’amabok’ahoraho.
3. Nta bwoba mfise, sinciganyira,
Nisunz’amabok’ahoraho,
Nguwe nez’ubu, ndatunganiwe,
Nisunz’amabok’ahoraho.
Ntaco mfise nireguza
1. Nta co mfise nireguza Atar‘uko wampfiriye,
Kandi yuko wampamagaye: Mucunguzi, nditavye.
2. Gukekeranya ni kwinshi, Mbabazwa cane Mukiza,
N’intambara yo mu mutima; Mucunguzi, nditavye.
3. Sintinyuka no kugeza Kwikurakw‘ ibinyanduje,
Nizigiy’ amaraso yawe; Mucunguzi, nditavye.
4. Naho nd’ umworo nd’impumyi, Ni wew‘ump’ itunga ryawe
Ukampumur’ ukampimbara; Mucunguzi, nditavye.
5. Uranyakira nanduye, Uranyoz’ uramparira;
Kuko nizey’ isezerano Ryawe Yesu, nditavye.
6. Urukundo rwawe rwinshi Runkuyekw ivyantebeje,
Ndakunze kub’ uwawe rwose; Mucunguzi, nditavye.
7. Urwo rukundo mmeny’ ubu Rwanyujuje n’Uhoraho,
Nshikir’ ungab’ unyiganzire; Mukiza, ndishikanye.
Ntacyo mfite ntagufite
Ntacyo ndicyo ntagufite
Yesu ndind’ikibi cyose
Nzanezerwa iminsi yose
Nkugende bugufi Mwami wanjye.
Ref
Ngende Nawe ibihe byose
Unsubirize isengesho
Nzanezerwa ibihe byose
Reka bibe uko Mwami wanjye
(Nkugende bugufi Mwami wanjye)
Muri iyi si y’imiruho
Tubuze uwaturindaga
Waturuhuraga imitwaro
Nta wundi ni wowe Mwami wanjye.
Ubuzima burangiye
Nsoje urugendo rw’iyi si
Mwami wanjye uzambe hafi
Ku nkombe yo mu Bwami Bwawe.