Kinyarwanda Hymn

O Joro Ryera


O Joro Ryera inyenyeri zirakayangana
Ijoro Ry’ ukuvuka kw’ Umukiza.
Isi yar’ iboshwe n’ ivyaha Bitagira uko bingana
Gushik’ aje umutim’ ukumva agaciro
isi y‘umuruho Yanezerejwe n’ivyizigiro
kuko igitondo Gishasha gitamanzuye
Dupfukame Umviriz’ amajwi Y’abamarayika
Ijoro Ryera O Ijoro Ry’ ukuvuka Kwa Yesu
Ijoro Ryera Ijoro Ijoro Ijoro Ryera.


Yatwigishije gukundana vy’ ukuri rukundo ni ryo
Tegeko Amahoro nibwo butumwa
Azoc’ iminyororo kuko tutakir’ abaja
mw’ izina ryiwe agacinyizo kose kazohera
Turirimb’ indirimbo z’ umunezero dushima
Twese duhimbaz’ izina ryiwe Ryera
Kristo n’umwami duhimbaz’ izina ryiwe
dutangaz’ ubwiza N‘ububasha bwiwe
Ijoro Ryera dupfukame Umiviriz’ amajwi Y’abamarayika
Ijoro Ryera Joro Ryera.

 


Rwa rukundo rwiwe


1. Yarandondey’ asanga
Nnanijwe n’ ivyaha,
Anshira ku bitugu
Anjana mu rugo:
Abamarayika biwe
Baririmbira mw ijuru.


Ref
Rwa rukundo rwiwe!
Ya maraso yiwe!
Bga buntu bganzanye mu rugo’.
Mbur’ uko mbivuga ntangaye.


2. Yasanze nkomeretse, Ansomoz’ umuti, Arampumuriz’ ati Humur’ ur’ uwanje. Sinaribgumv’ ijwi nk’ iryo; Ndema mu mutima rwose.


3. Anyerek’ ibiganza
N’inkovu z’imambo
N’igitsibo c’ amahwa
Yambitswe mu mutwe:
Nibaz’ico yambonyemwo
Cotum’ ambabarizw’ artyo.


4. None nd’ imbere yiwe,
Nakirwa n’umuco
Uva mu nyonga hiwe,
Ndimbur’ imigisha
Yampereye mur’ iyi si:
Mbur’ uko mbimushimira.


5. None nduhutse neza
Mu mutima wanje,
Ndorerey’ urya musi
Azogarukako,
Ngw az’ antahurukan’ iwe
Ankoy’ amaraso yiwe.

 


Rya Joro ryatowe


1.Rya Joro Ryatowe
Rubanda Ruryamye
Mariya Na Yozefu Basa
Bari Maso Barera Akana
Kaje Kava Mw’ijuru
Kaje Kava Mw’ijuru


2.Rya Joro Ryatowe
Intumwa Z’Imana
Zamenyesheje Ba Bungeri
Icyabonetse Mw’isi Yacu
Y’uko Yesu Yavutse
Y’uko Yesu Yavutse


3.Rya Joro Ryatowe
Umucyo W’ukuri
Twese Waratumurikiye
Ng’udukure Mu Byaha Byacu
Kuko Yesu Yavutse
Kuko Yesu Yavutse


4.Rya Joro Ryatowe
Rituma Twishima
Dufatanye N’abo Mw’ijuru
Kuririmbir’akana Yesu
Tuti Shimwa,Mukiza
Tuti Shimwa,Mukiza.