Kinyarwanda Hymn

Yesu n’Umukunzi wacu


1. Yesu n’Umukunzi wacu,
Ni w’ atwikorerera
Imibabaro n’ivyaha,
Akatubabarira.
Umunt’ adasenga wese
Ntiyoronk’ amahoro,
Tweho tuje kuri Yesu,
Tumubarire vyose.


2. Umunt’ adasenga wese
Yaman’ ivyaha vyiwe,
Ngwino, ngwino kuri Yesu
Akuruhure vuba.
Yes’ aradukunda twese,
Yes’ afis’ imbabazi,
Yapfiriy’ abantu bose,
Mumusenge n’Umwami.


3. Ivyaha n’ubgoba bgose
N’imitim’ ibabaye
Tubijane kuri Yesu,
Araduh’ amahoro.
Ntitugir’ umutabazi
Adukunda nka Yesu,
Ariko Yesu wenyene
N’umukunzi w’abantu.