Kinyarwanda Hymn

Ugusenga


1. Ugusenga. ugusenga
Kuramfash’ ibihe vyose,
Kunshikana kuri Data,
Akankiza mu bingoye.
Kandi Satan’ iy’ anteye
Akansuk’ uburyo bgose,
Ibihetangabo kenshi,
Ugusenga kuramfasha.


2. Wa gusenga, wa gusenga,
Amababa yaw’ ajana
Ivyo nsaba kuri Data,
Yiteze kump’ umugisha.
Kw ari we nzigak’ ubuntu,
Sinzoreka kumusenga,
Nzomukorer’ amaganya:
Ntazokwanka kunduhura.


3. Kand’ igihe kizoshika
Mbon’ ibiri kure vyose,
Vy’ igihugu citereye
Hariy’ i wacu mw ijuru.
Ni ho nzoca nterurirwa,
Njanwe n’abamarayika,
Ndirimban’ umunezero:

 


Uri Nkuru


Uhoraho nama ntangazwa cane
N’ivyaremwe n’ibiganza vyawe
Inyenyeri n’uguhindakw’inkuba
Vyerekanaububashabwawe


Ref
Mwami Mana ndakuririmbira
Uri nkuru uri Nkuru
Mwami Mana ndakuririmbira
Uri nkuru uri Nkuru


Iyongenda mw’ishambary’ikibira
Numv’inyoni uko ziririmba
Ndikumpinga ndende ndaba mu mwonga
Mbon’imigezi numv’umuyaga


Iyo nibutse ko Mana watanze
Umwana wawe k’umusaraba
Imitwaro yanje akayikorera
Yampfiriye ngombe umwana wawe


Kristo azozanana n’impunduziwe
Azonjana mu rugo kwa Data
Nzopfukama mpimbaz’Imanayanje
Mvuz’impundu nti Mana uri Nkuru

 


Uwishinze ku vyasezeranijwe


1. Uwishinze ku byasezeranijwe
N’Umukiza wac’ abon’ amahoro,
Kand’ aririmbishwa n’umunezero,
Kuko yizey’ ibihoraho.


Ref
Twizigiye Ibyasezeranijwe na Yesu wacu;
Nta bwo, nta bwo
Yashobora guhemukira’abe.


2. Ibyasezeranijwe n’Uwiteka
Ntibikuk’ iyo Satan’ aduteye,
Ntidushidikanya, ntadutinyisha
Kuko twizey’ ibihoraho.


3. Ibyasezeranijwe n’Uwiteka
Byerekana kw amaraso ye yoza
Ni y’ ankiz’ ibyaha, ntibinyanduze,
Kuko nizey’ Uwanshunguye.


4. Ibyasezeranijwe n’Uwiteka
Bitum’ urukundo rwe runkomeza;
Inkota y’Umwuka ndayirwanisha;
Ni y’ itum’ Umwanz’ anesheka.


5. Uwishinze ku byasezeranijwe
Ni w‘uhora yumvir’ Umwuka Wera
Satani ntashobora kumutsinda,
Kuko yizigiy’ Uhoraho.